Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Kandi kuko yamuzuye mu bapfuye atazosubira mw iborero, yavuze irtya, iti Nzobaha imigisha yera ya Dawidi itazovaho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Imana yaramuzuye mu bapfuye kugira ngo ntaze yigere abora. Imana yabivuze muri aya majambo, iti: ‘Nzobaha imigisha yejejwe kandi idahinduka, iyo nasezeraniye Dawidi.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:34
18 Referans Kwoze  

Mutege amatwi, muze kuri jewe; munyumve, ni ho ubugingo bganyu buzobaho; nanje nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe zitazovaho.


kuko tuzi yuko Kristo, amaze kuzuka mu bapfuye, atagipfa, urupfu rutakimuganza.


Arik’ uwo Imana yazuye nta ho yigeze abora.


Kur’ uwo musi Uhoraho azokīranira ababa i Yerusalemu; umunyantege nke wo muri bo kur’ uwo musi azomera nka Dawidi; kand’ inzu ya Dawidi izomera nk’Imana, nk’ umumarayika w’Uhoraho ar’ imbere yabo.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Non’ inzu yanje si kw imeze ku Mana? Kuko yasezeranye nanje isezerano ritazovaho, Ritunganye muri vyose, kandi rikomeye; Non’ agakiza kanje kose n’ ivyo nifuza vyose Ntizotuma bimera bikaba ibironge?


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


ariko bazosaba jewe, Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo, uwo nzobahagurukiriza.


Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.


Arikw Imana iramuzura mu bapfuye.


yukw Imana yabishikije kuri twebge abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ng’ Ur’ Ubura bganje, uyu musi ndakuvyaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite