Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Arikw Imana iramuzura mu bapfuye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:30
16 Referans Kwoze  

Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.


kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.


ntari hano, kuko yazutse, nk’uko yavuze. Ngo murābe ah’ Umwami yar’ aryamye.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


Uyo, Imana iramuzura ku musi ugira gatatu, imuha guserurwa ahibonekeza,


ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye.


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


wa Mukuru w’ubugingo muramwica; arikw Imana muzura mu bapfuye, natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Igituma Data ankunda, n’uko ndekura ubugingo bganje, ngo mpeze nsubire kubgābīra.


Yesu arabishura, ati Musambure uru rusengero, nanje nzoruhagarika mu misi itatu.


yukw Imana yabishikije kuri twebge abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ng’ Ur’ Ubura bganje, uyu musi ndakuvyaye.


Kandi kuko yamuzuye mu bapfuye atazosubira mw iborero, yavuze irtya, iti Nzobaha imigisha yera ya Dawidi itazovaho.


Arik’ uwo Imana yazuye nta ho yigeze abora.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite