Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko bisonzesheje, basenze, babarambitsekw ibiganza, barabarungika.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:3
18 Referans Kwoze  

babashira imbere y’intumwa, kandi bamaze gusenga zibarambikakw ibiganza.


kand’ ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi.


Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n’ivy’ abavugishwa n’Imana mu kurambikwakw ibiganza vy’abakuru.


Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga, ati Ni mundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye.


Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye n’ukuri gukora igikorwa.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!


bavudukayo bari mu bgato bafata muri Antiyokiya, aho bāri barazigamishirijwe ubuntu bg’Imana ubga mbere ku gikorwa baheraheje.


Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu, uwo bizeye.


Amurambikakw ibiganza, amushikiriza ico gikorwa, nk’uk’ Uhoraho yari yabimubariye.


Ni co gituma nkwibutsa gufurūra ingabire y’Imana iri muri wewe ngo yake, yagushizwemwo no kurambikwakw ibiganza vyanje.


Paulo na we atoranya Sila, avayo, bene Data bamaze kumuragiza ubuntu bg’Umwami Yesu.


na bo bashingiye intahe urukundo rwawe mu maso y’ishengero. Kand’ uzoba ugize neza ni wabarungika, uko bibereye ab’ Imana.


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


kandi yamaze imyaka mirongumunani n’ine ar’ umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.


Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi


Nuko bavuyeyo batumwe na Mpwemu Yera bamanuka i Seleyukiya. Bavudukayo bari mu bgato bafata i Kupuro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite