Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Kukw ababa i Yerusalemu n’abakuru babo batāmumenye, cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana asomwa ukw isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bāvugishijwe, hamwe bāmutsindisha:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ababa i Yerusalemu n’abatware babo ntibamenye Yesu, ariko baramutsindishije, baba bashikije amajambo y’abavugishwa n’Imana yama asomwa ku musi w’Isabato.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:27
25 Referans Kwoze  

Kandi none, bene Data, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n’ababaganza na bo n’uko.


Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.


Kuk’ uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu masinagogi ukw isabato itashe.


n’ivy’ ukw abaherezi bakuru n’abashingantahe bacu bāmutanze ngw acirwe urubanza rwo gupfa, bakamubamba.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


Arikw imitima yabo irakomantara. Kuko gushitsa na bugingo n’ubu, ca citwikiro kikiriho mw isomwa ry’isezerano rya kera, ntikirakūrwaho, kuko muri Kristo ari ho giherera.


Kandi mu baganza b’iki gihe nta wabumenye: iyo baba bārabumenye ntibaba bārabamvye Umwami w’icubahiro.


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye.


naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.


Aramubgira, ati Petero, ndakubgire, Inkoko itarabika uyu musi, uhava unyihakana gatatu ngo ntunzi.


Yesu arabishura, ati Mwarazimiye, ko mutāmenye ivyanditswe n’ubushobozi bg’Imana.


Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza, kugira ngw ishitse ibiriho mur’ iyi misi, ikize abantu benshi, boye gupfa.


Pilato akoranya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abantu,


Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite