Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ariko Yohana arikw arasozera urugendo rwiwe, arababaza, ati Mbega mwiyumvira ko ndi nde? Jewe sindi we. Mugabo har’ ūzoza mu nyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye no gupfundurura inkweto zo mu birenge vyiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Yohana ariko arasozera igikorwa ciwe, yavuze ati: ‘Mwibaza ko ndi nde? Sindi wa wundi mwiteze, haba na mba. Ariko hari uwuje inyuma yanje; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:25
19 Referans Kwoze  

N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Yaravuga, at’ Ūndusha ubushobozi azoza mu nyuma yanje, ntibimbereye no kwunama ngo mpfundurure utugozi tw’inkweto ziwe.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.


narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Kuko tutigisha abantu ivyacu, ariko tubigisha ivya Kristo Yesu kw ari we Mwami, natwe yuko tur’ abashumba banyu kubga Yesu.


Paulo ati Yohana yabatije umubatizo wo kwihana, abarira abantu ko bakwiye kwizera ūzoza hanyuma yiwe, ni Yesu.


Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.


Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


yitegereza Yesu agendagenda, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana.


Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuk’ uyo ar’ Umwana w’Imana.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite