Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Imukūye, ibahagurukiriza Dawidi kuba umwami wabo, imushingira intahe, iti Mbonye Dawidi mwene Isayi umuntu ameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Imaze gukura Sawuli, yimitse Dawidi ngo abe umwami wabo. Yamushingiye intahe iti: ‘Nironkeye Dawidi mwene Isayi, umuntu ahuye n’uko umutima wanje ugomba, azoshitsa ivyo ngomba vyose.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:22
32 Referans Kwoze  

kuko Dawidi yakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ntakikame ngw ace mu kintu na kimwe yamugeze igihe cose yamaze akiriho, ukūye ivyo yakoze ku vya Uriya Umuheti.


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Maze Samweli aramubarira, at’ Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli, ayihaye mugenzawe akuruta.


Samweli yishura Sauli, at’ Eka sinsubiranayo nawe; ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba umwami w’Abisirayeli.


Kandi Dawidi aronka ubutoni mu nyonga z’Imana, asaba kwubakira Imana ya Yakobo aho kuba.


Nuko Abiya akomeza kugendera mu vyaha vyose vya se, ivyo yakoze Abiya atarīma; kand’ umutima wiwe ntiwar’ utunganiye Uhoraho Imana yiwe, nk’uwa sekuruza Dawidi.


Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;


Bukeye abantu b’i Buyuda baraza, bahimikira Dawidi bamusutsekw amavuta, ngw abe umwami w’ umuryango w’Abayuda. Bukeye babarira Dawidi, bat’ Ab’i Yabeshi‐gileyadi ni bo bāhamvye Sauli.


Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.


Kand’ Imana izi imitima, yarabashingiye intahe, hamwe yabaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye natwe;


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


Uko ni ko Sauli yatanze, azize ibicumuro vyiwe yacumuye k’ Uhoraho, kukw atitondeye ijambo ryiwe, kandi kuko yaraguje umuntu azi guhamagara imizimu, ngw amusigurize,


ut’ Arikw imbabazi ziwe ntazozimukūrako nk’uko yazikūye kuri Sauli, uwo yasohoye agashiraho wewe.


Uko ni ko Sauli yapfuye, n’abahungu biwe batatu, n’uwamutwaza ibirwanishwa, bo n’ingabo ziwe zose, bapfa kur’ uwo musi nyene.


riti Ndicujije icatumye nimika Sauli; kuko yamvuyeko, akanka gukora ivyo namubariye. Maze Samweli araraka, akēsha ijoro atakambira Uhoraho.


Ariko ni mwashishikara kugabitanya, muzorandurwa, mwe n’umwami wanyu.


Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo.


ni ho n’isezerano ryanje nasezeranye na Dawidi umusavyi wanje ryohindurwa, akabura umwana wo kumusubirira ku ngoma; bo n’iryo nasezeranye n’ Abalewi, abaherezi banje bankorera.


Samweli aramwishura, at’ Ubimbarije iki, k’ Uhoraho yakuretse, agahinduka umwansi wawe?


Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.


Bowazi avyara Obedi; Obedi avyara Isayi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite