Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku ngoma imyaka mirongwine.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Ariko mu nyuma bayisaba umwami, na yo ibaha Sawuli mwene Kishi, yava mu muryango wa Benyamini, abaganza imyaka mirongo ine.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:21
8 Referans Kwoze  

Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


Maze Samweli abarira Sauli, ati Ni jewe Uhoraho yatumye kukwimikisha amavuta, ng’ ube umwami w’abantu biwe b’ Abisirayeli. None rero ni wumve amajambo y’Uhoraho.


Nukw abantu bose baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere y’Uhoraho aho nyene i Gilugali, bahatangira ibimazi vy’ishimwe imbere y’Uhoraho: nuko Sauli n’Abisirayeli bose bahagirira akanyamuneza kenshi.


baramubarira, bat’ Ehe rāba urashaje, kand’ abahungu bawe ntibafise ingeso nk’izawe; none rer’ utwimikire umwami wo kuducīra imanza nk’ayandi mahanga yose.


Hār’ umuntu w’Umubenyamini yitwa Kishi; yari mwene Abiyeli, Abiyeli wa Serori, Serori wa Bekorati, Bekorati wa Afiya w’ Umubenyamini; yar’ umuntu w’umutunzi.


Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite