Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 ibaha abacamanza, gushitsa ku wavugishwa n’Imana Samweli.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ivyo vyose vyabaye nko mu kiringo c’imyaka amajana ane na mirongo itanu. Inyuma yivyo Imana yabahaye abacamanza gushika mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:20
9 Referans Kwoze  

Maz’ Uhoraho akabahagurukiriza abacamanza, bakabakiza bakabakūra mu maboko y’abābanyaga.


Nukw Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bamenya ko Samweli yegukiye kuba ūvugishwa n’Uhoraho.


Mber’ abāvugishwa n’Imana bose, uhereye kuri Samweli n’abāmukurikiye, abāvuze bose bāramenyekanishije ivy’ iyi misi.


Uti Mbeg’ ahantu hose yagiye agendana n’Abisirayeli bose, uti Har’ aho yigeze kubarira umucamanza w’Abisirayeli uw’ ari we wese, uwo yashizeho kuragira abantu biwe, akamubaza, ati N’iki cababujije kumwubakira inzu y’amasederi?


Ntihigeze kuba umusi wa Pasika uhwanye n’uyo, uhereye igihe abacamanza bācira imanza Abisirayeli, ugashitsa no mu bihe vyose vy’ abami b’Abisirayeli n’ab’ Abayuda.


nko mu bihe yaha abacamanza kuganza abantu biwe b’Abisirayeli; uti Kand’ azoguha impore hagati y’abansi bawe bose. Uti Mber’ Uhoraho arakubariye yukw azokugira igisata.


Maz’ Uhoraho arungika Yerubayali na Bedani na Yefuta nanje Samweli, arabarokora, abakūra mu maboko y’abansi banyu impande zose, mwībēra amahoro.


Mu misi y’abacamanza ikigoyi cateye mu gihugu. Nuk’ umugabo w’i Betelehemu h’i Buyuda asuhukira mu gihugu c’i Mowabu, bo n’umugore wiwe n’abahungu biwe bompi.


Mpwemu w’Uhoraho amuzako, ahinduka umucamanza w’Abisirayeli. Bukeye aja gutera, maz’ Uhoraho amugomorera Kushani‐rishatayimu uwo mwami w’i Aramu‐naharayimu, aramunesha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite