Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Yihanganira ingeso zabo nk’imyaka mirongwine mu bugaragwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 yihanganira ubugaba bwabo imyaka mirongo ine mu bugaragwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:18
19 Referans Kwoze  

Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.


Muze mwibuke ingene mwarakije Uhoraho Imana yanyu muri mu bugaragwa, ntimuze muvyibagire; uhereye umusi mwaviriye mu gihugu ca Egiputa, kugeza aho mwashikiye aha hantu, mwagiye mugarariza Uhoraho.


no mu bugaragwa, aho Uhoraho Imana yanyu yagenda abaterura nk’ uko mubizi, nk’uk’ umugabo aterura umwana wiwe, mu rugendo mwagenze rwose, nti Gushitsa aho mwashikiye aha hantu.


kw abo bantu bose babonye icubahiro canje n’ibitangaza vyanje nakoreye muri Egiputa no mu bugaragwa, bakangerageza ibihetangabo cumi vyose, ntibanyumvire;


Abisirayeli bamara imyaka mirongwine barya manu, bageza aho bashikiye mu gihugu kirimw’ abantu; barya manu bashitsa aho bagereye ku rugabano rw’igihugu c’i Kanani.


Ishengero ryose ry’Abisirayeli bidodombera Mose na Aroni mur’ ubgo bugaragwa,


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite