Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Imana y’ubu bgoko bg’Abisirayeli yatoranije ba sogokuruza, kand’ ishira abantu hejuru hamwe bār’ abambukīra mu gihugu ca Egiputa, ikabakūzay’ ukuboko gukomeye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Imana y’ubwoko bwa Isirayeli ni yo yatoranije ba sogokuruza, ibaha kuba ihanga rikomeye mu gihugu c’ikinyamahanga ca Egiputa, hanyuma ibakuzayo ukuboko kwayo kw’ubushobozi,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:17
42 Referans Kwoze  

Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre.


Yamara mweho nabadūganye mbakuye mu gihugu ca Egiputa, mbarōngōra mu bugaragwa imyaka mirongwine, kugira ngo mwegukire igihugu c’Abamori nyene.


Yamara noneh’ umve, yewe Yakobo musavyi wanje, yewe Isirayeli uwo natoranije:


Kuk’ Uhoraho yitoranirije Yakobo, Isirayeli yamutoranirije kuba uwiwe bgite.


Eka turapfuye! Ni nde yodukiza akadukūra mu maboko y’izo mana zihambaye? Izo ni za mana zāzaniye Abanyegiputa ivyago bitari bimwe mu bugaragwa.


Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu, kand’ Uhoraho akaba yarabītoranirije mu mahanga yose yo mw isi kuba ihanga yiharije.


Ba sogokuruza banyu bamanutse muri Egiputa ar’ abantu mirongwirindwi: non’ Uhoraho Imana yanyu yabahinduye nk’inyenyeri zo kw ijuru mu kuba benshi.


Ukugororoka kwanyu canke gutungana kw imitima yanyu si vyo bizoba bitumye mwinjira igihugu cabo ngo mucegukire; arik’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana imbere yanyu, kugira ngw ashitse ijambo yarahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo.


ibigerageza bikomeye amaso yanyu yiboneye, n’ ibimenyetso n’ibitangaza, n’ingen’ Uhoraho Imana yanyu yabakūjey’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye; uko ni kw azogirira amahanga yose muzoba mufitiye ubgoba.


Kandi kuko yakunda ba sogokuruza banyu, ni co catumye atoranya uruvyaro rwabo, we ubgiwe akabakūra muri Egiputa, abakūjey’ ubushobozi bgiwe buhambaye,


Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?


Ariko mweho, Uhoraho yarabashīngūye, abakūra muri rya tanure rivugutira ivyuma, ari ryo Egiputa, kugira ngo mumubere abantu yiharije, nk’uko biri n’ ubu.


Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.


Ivyo bize bibe nk’ ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, kandi nk’ibishizwe mu ruhanga hagati y’amaso yanyu: kuk’ Uhoraho yadukūje muri Egiputa ubushobozi bginshi.


Kandi mu bana banyu ni hagira ūbaza se, mu gihe kizoza, at’ Ibi n’ibiki? az’ amwishure, at’ Uhoraho yadukūye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja, adukūjeyo ubushobozi bginshi.


Nuko kur’ uwo musi nyene, Uhoraho akūra Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, ukw imitwe y’ingabo zabo yangana.


Nuk’ Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo umwami wa Egiputa, akurikira Abisirayeli: kand’ abo Bisirayeli bāri bavuyeyo babakobagurije.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite