Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Paulo ava hasi, arabamama, arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Pawulo ahagurutse, arabamama ngo bacereze, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli namwe Banyamahanga mwubaha Imana, muntege amatwi!

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:16
29 Referans Kwoze  

Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.


Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Baramwumviriza gushitsa kur’ iryo jambo: maze basemerera n’ijwi rirenga, bati Kūra ūmeze artyo mw isi, na kare ntiyar’ abereye kubaho.


Amukundiye, Paulo ahagarara ku ngazi y’amabuye, amama abantu: hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,


Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwīgiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ ukugororoka, iramwemera.


Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje.


Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza‐kuruza babo:


Ūri n’amatwi yumva, ni yumve.


Yemwe ab’ inzu ya Lewi, mushemagize Uhoraho: Yemwe abubaha Uhoraho, mumushemagize!


N’ukuri agakiza kayo kari hafi y’abayubaha, Kugira ng’ubgiza bgayo bube mu gihugu cacu.


Imana izoduha umugisha; Kand’ abo ku mpera zose z’isi bazoyubaha.


kugira ngo baze bahore bagutinya imisi yose bazomara bakiriho, mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu.


Arik’ uwa kabiri amwishura amuhana, ati No kwubaha Imana ntuyubaha, kand’ uciriwe urubanza rumwe n’urwiwe?


Maz’ asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko har’ ico yerekewe ahēra h’urusengero: arabagereraniriza, agumya kuba ikiragi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite