Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ibitabu vy’ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana bihejeje gusomwa, abakuru b’isinagogi baca batuma umuntu ababaza ati: “Bene Data, nimwaba mufise ijambo ryo gutera intege ishengero, nimuhaguruke mwigishe.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:15
21 Referans Kwoze  

Ariko bene Data, ndabahanūra, mwihanganire iri jambo ribahanūra, kuko mbandikiye amajambo make.


Kuk’ uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu masinagogi ukw isabato itashe.


Haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro, amubonye amwitembagaza imbere y’ibirenge,


Arik’ ūvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanūra n’ivyo kubirura.


cank’ ūhanūra ashishikarire guhanūra; ūgira ubuntu, abugire ata kinubge; ūganza aganzanye umwete; ūgira imbabazi, azigire anezerewe.


Ati Yemwe bagabo bene Data kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebge.


Abagiriki bose basūmira Sositene, umukuru w’isinagogi, bamukubitira imbere y’intebe y’imanza. Ariko Galiyo, ivyo vyose ntiyabibabara.


Kukw ababa i Yerusalemu n’abakuru babo batāmumenye, cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana asomwa ukw isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bāvugishijwe, hamwe bāmutsindisha:


Amaze guca mur’ ivyo bihugu, abahanūra mu majambo menshi, aja i Bugiriki.


Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.


Habaye imibūrano myinshi, Petero ava hasi, arababgira, ati Bagabo bene Data, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebge kugira ngo mu kanwa kanje abe ari ho abanyamahanga bumva ijambo ry’ubutumwa bgiza, bizere.


Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


Bagabo bene Data, s’ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebge na bugingo n’ubu.


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


ati Bagabo bene Data, ivyanditswe ntivyobuze gushika, ivyo Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, yarōngōye abaja gufata Yesu,


Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.


Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro,


Arikw imitima yabo irakomantara. Kuko gushitsa na bugingo n’ubu, ca citwikiro kikiriho mw isomwa ry’isezerano rya kera, ntikirakūrwaho, kuko muri Kristo ari ho giherera.


Kuk’ uguhanūra kwacu kutava mu buzimire, canke mu buhumane, kand’ atar’ ukw’ ubugunge:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite