Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko bo bavuduka i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h’i Pisidiya; ku musi w’isabato binjira mw isinagogi, baricara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Hanyuma bava i Peruga baja muri Antiyokiya h’i Pisidiya. Ku musi w’Isabato baja mw’isinagogi baricara.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:14
13 Referans Kwoze  

Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara, tuja ku ruzi, dukēka ko hobay’ ahahora hasengerwa. Turicara, tuyāga n’abagore bahakoraniye.


Nuko Paulo, nk’uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe,


Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera Paulo amabuye, bamukwegera inyuma y’igisagara, bagira ngo yāpfuye.


Maze bashitse i Salamini, bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda: kandi bāri bafise Yohana agenda arabakorera.


Ahārīrira n’abaho mw isinagogi amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n’Abagiriki.


Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza.


Kw isabato ikurikira iyo, hakorana nk’abo mu gisagara bose kwumva ijambo ry’Imana.


Bariko barasohoka, barabinginga ngw ayo majambo az’ avugwe no kw isabato izoza.


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


no guhamwa, n’imibabaro, nk’ivyambereyeko muri Antiyokiya no muri Ikoniyo n’i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite