Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Maze Paulo n’abāri kumwe na we bavuduka i Pafo bari mu bgato, bafata i Peruga h’i Pamfiliya: Yohana abasigayo, asubira i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Bavuye i Pafo, Pawulo n’abo bari kumwe baca bafata ubwato baja i Pamfiliya ahitwa Peruga, Yohana Mariko aca abasigaho asubira i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:13
10 Referans Kwoze  

Ariko Paulo ntivyamubera vyiza kujana uwabataye i Pamfiliya, ntajane na bo mur’ ico gikorwa.


Tujabutse ikiyaga gihereranye n’i Kilikiya n’i Pamfiliya, dufata mu gisagara c’i Lukiya citwa Mura.


Amaze kuvyiyumvira, aja kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho bāri bakoraniye benshi, bariko barasenga.


n’i Furugiya, n’i Pamfiliya, no muri Egiputa, no mu bihugu vy’i Libuwa bihereranye n’i Kureni, n’ab’ i Roma bāgerereye ino, Abayuda, bo n’abātoye idini yabo,


Luka gusa ni we twasigaranye. Hitana Mariko, umuzane, kukw angirira ikimazi mu gikorwa c’ibango ryanje.


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


Maz’ umuyaga uturutse i bumanuko uheheye buhoro, bibgiye ko baronse ico bāgomba, bazitura ubgato, bagenda bakikira hafi cane y’i Kirete.


Hashize imisi, Paulo abgira Barunaba, at’ Ingo dusubire ha handi tugendere bene Data mu gisagara cose aho twāvuze ijambo ry’Umwami Yesu, tumenye uko bameze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite