Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ico cēgēra kibonye ibibaye kirizera, gitangajwe n’ivyo cigishijwe vy’Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ca cariho ca Kayisari kibibonye kirizera kuko catangajwe cane n’izo nyigisho zavuga ivy’Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:12
20 Referans Kwoze  

yagendanira Serugiyo Paulo, icēgēra ca Kayisari, umuntu w’ubgenge. Uyo ahamagaza Barunaba na Sauli, ashaka kwumva ijambo ry’Imana.


Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe, bati Mbeg’ uyu si we mwene Yosefu?


Hafi y’aho hantu hār’ amatongo y’umukuru w’ico kizinga, yitwa Pubiliyo, aratwākīra, atuzimāna neza imisi itatu.


Abo bose bār’ abagabo nk’icumi na babiri.


Kandi Paulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababgira ijambo ry’Umwami Yesu, bafatanije n’abandi benshi.


Ijambo ry’Umwami Yesu rikwira mur’ ico gihugu cose.


ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.


Abagendanyi barabishura, bat’ Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.


Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Na bo bamaze gushinga intahe, no kuvuga ijambo ry’Umwami Yesu, basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga ubutumwa bgiza mu mihana myinshi y’Abasamariya.


Ariko Eluma, uwo munyamarēba (izina ryiwe ni ko risobanurwa), arabahāririza, ashaka guhuvya ico cēgēra ngo nticizere.


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera.


Hashize imisi, Paulo abgira Barunaba, at’ Ingo dusubire ha handi tugendere bene Data mu gisagara cose aho twāvuze ijambo ry’Umwami Yesu, tumenye uko bameze.


Maze Galiyo abaye icēgēra ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahūza inama bakūrira hasi Paulo, bamujana imbere y’intebe y’imanza,


Bimara imyaka ibiri bimeze birtyo: nukw ababa muri Asiya bose bumva ijambo ry’Umwami wacu, Abayuda n’Abagiriki.


Uko ni kw ijambo ry’Umwami Yesu ryagwiriye cane, rigira ububasha.


Nuko Demetiriyo n’abacuzi bari kumwe na we, namba bafise uwo barega, imisi y’imanza iriho, kandi hariho n’ivyēgēra vya Kayisari, ni baregane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite