Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko rāba, ukuboko kw’Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n’umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Noneho rero Imana ibanguye ukuboko ngo iguhane. Ugiye guhuma, kandi kuva ubu ntuzosubira kubona umuco w’izuba.” Ubwo nyene amaso yiwe yuzura umwijima, buramwirira, atangura kujuragirika mu mpande zose arondera uwomufata ukuboko.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:11
18 Referans Kwoze  

Kuk’ ukuboko kwawe kwandemēra ku murango no mw ijoro, Ukubengagira kwanje kugahinduka nk’ukwuma kwo mu ci. Sela.


eh’ ukuboko kw’ Uhoraho guhanamiye ivyo utunze bigandagaje ku misozi: ku mafarasi, no ku ndogoba, no ku ngamiya, no ku nka, no ku mikuku: akaryama k’icago kazobitera.


Erega birateye ubgoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.


Ni kwo gutuma ku baganwa bose b’Abafilisitiya, bakoraniraho, barababgira, bati Ni murungike iyi sandugu y’Imana y’Abisirayeli, isubire aho yahora, ireke kutumarana n’abacu; kuko mur’ ico gisagara cose urupfu rwari rwabaciye ivutu, kand’ ukuboko kw’Imana kwari kubashikamiye cane.


Abo n’amasōko akamye, kandi n’ibipfungu bikubebga n’igihuhuta, barindirijwe umwiza w’umuzitanya.


Yesu aravuga, ati Naje mur’ iyi si kuba agahinyuza, ngw abatabona babone, n’ababona babe impumyi.


Mungirire akagongwe, mungirire akagongwe, yemwe bakunzi banje, Kuk’ ukuboko kw’ Uhoraho kwankozeko.


Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


Kuk’ Uhoraho abasutsekw impwemu y’uruhuni, agahuma amaso yanyu, ni yo bavugishwa banyu, agapfuka n’imitwe yanyu, ni yo bamenyi banyu.


Kukw imyampi yawe inyangāyemwo, Ukuboko kwawe kukannyikiza.


Hār’ igihe umwami w’i Siriya yatera Abisirayeli; maz’ akaja inama n’abantu biwe, akababarira, at’ Ahanaka ni ho tuzobacira igico.


Bamaze kuyishikanayo, ukuboko kw’Uhoraho kurwanya ico gisagara, kubaca ivutu; atērēra ibihute abo mur’ ico gisagara, abato n’abakuru, bisēsa ku mibiri yabo.


Basuka uruhumyi kur’ abo bagabo bo ku rugi, uhereye ku bakuru n’abato; bacumukura barondera urwo rugi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite