Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arasohoka, aramukurikira, yamara ntiyamenya ivyo umumarayika akoze kw ar’ ivy’ ukuri, arikw agira ngw abonye ivyo yeretswe nko mu nzozi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Maze Petero aca aramukurikira barasohoka, ariko ntiyari azi ko ivyo uwo mumarayika ariko arakora vyari ivy’ukuri. Yiyumvira ko yariko arerekwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:9
12 Referans Kwoze  

Hamwe Uhoraho yagarukana ab’i Siyoni bāri bārambukanywe ar’ inyagano Twāri tumeze nk’abarota.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.


Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw ijuru.


Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.


Baramubarira, bati Yosefu aracariho, ni we wa mugaba w’igihugu cose ca Egiputa. Umutima wiwe uca ugwa igihumura, ntiyavyemera.


ati Nari mu gisagara c’i Yopa, ndiko ndasenga, mbona neretswe nko mu nzozi ikintu kimanuka kivuye mw ijuru, kimeze nk’uruhuzu runiniya rufashwe ku mitwe ine, kiza aho ndi.


Petero akizazaniwe mu mutima n’ivyo abonye yeretswe ivy’ ari vyo, abantu batumwe na Koruneliyo, bahejeje kubaza urugo rwa Simoni, bahagarara kw irembo,


I Damasiko hār’ umwigishwa yitwa Ananiya: Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara, ati Ananiya. Na we ati Sabge, Mwami.


Nyina abgira abasuku, at’ Ic’ ababgira cose mugikore.


Nuko Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.


Umumarayika aramubarira, ati Kenyera, wambare inkweto zawe. Abigenza artyo. Kand’ aramubarira, at’ Ikubirek’ umutamana wawe, unkurikire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite