Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Umumarayika w’Umwami Imana aca araza, umuco urasira mu cumba Petero yarimwo, amukoma mu rubavu, aramukangura, amubwira ati: “Vyuka ningoga!” Ubwo nyene ya minyororo ica imuva ku bikonjo, irakoroka.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:7
37 Referans Kwoze  

Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka.


Acira imanza impahazwa; Agaburira abashonje ivyo kurya. Uhoraho ni we abohora imbohe;


Abakūra mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Aca iminyororo yabo.


Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’ abamwubaha, Akabarokora.


Koruneliyo ati Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ar’ isaha cenda, ndi mu nzu yanje; maz’ umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana,


Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.


Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana.


Umumarayika w’Umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubgiza bg’Umwami bubakayanganira irya n’ino, baterwa n’ubgoba bginshi.


Nzokwihanganira ubushangashirwe bg’Uhoraho, kuko namugararije, gushitsa ah’ azombūranira, akantsindira. Azonsohokana anshikane mu muco, nanje nzokwitegereza ukugororoka kwiwe.


Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye.


Umumarayika w’Uhoraho agaruka ubugira kabiri, aramukoma, aramubarira, ati Vyuka urye, urugendo ntirukunanire kukw ari rurerure.


Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.


Maz’ arikw aragenda, agira ashike i Damasiko, haza umuco giturumbuka, uvuye mw ijuru, umukayanganira irya n’ino.


Gukayangana kwiwe kwari nk’umuco, Ibishwārara vy’umuco vyava mu kuboko kwiwe, Aho ni ho yatwikirira ububasha bgiwe.


ngize ntya mbona ubgiza bg’Imana y’ Abisirayeli buje buturutse mu nzira y’i burasirazuba. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’ugusūma kw’ amazi menshi; isi ikayanganishwa n’ubgiza bgayo.


Haguruka ukayangane, kuk’ umuco wawe ushitse, kand’ ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye.


Uhoraho, n’ukuri nd’ umusavyi wawe; Nd’ umusavyi wawe, umwana w’incoreke yawe. Wankūye mu ngoyi.


Araheza yiryamira musi y’ico giti c’umurotemu, arasinzira; maz’ umumarayika araza aramukoma, aramubarira, ati Vyuka, urye.


Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n’ubgiza bgiwe.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Ku musi Herode bgāca amubashikiriza, mur’ iryo joro Petero yar’ asinziriye hagati y’abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bāri ku rugi barinda inzu y’ibohero.


Izuba n’ukwezi vyigumiye i wavyo, Kubg’ imyampi yawe yagiye ibishwārara, N’ugukayangana kw’icumu ryawe rica ibibatsi.


Ut’ Ariko weho Hezekiya, iki ni co kizokubera ikimenyamenya: uyu mwaka muzorya ivyimejeje ubgavyo, mu mwaka ugira kabiri muzorya utunagano twavyo, mu mwaka ugira gatatu muze mubibe, mwimbure, mutere inzabibu, muziryeko.


Kukw ari wewe tara ryanje, Uhoraho; Uhoraho ni we yākira umwiza wanje.


Imana ishira mu ngo abatagira shinge na rugero, Ibohora imbohe, ikaziha kugubga neza: Arikw abagarariji bakaba mu gihugu cumye.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi amaze kumubohorera i Rama, iyo yari yaramujanye ari mu munyororo, hamwe n’imbohe zose zavuye i Yerusalemu, izo bājana i Babuloni ar’ inyagano.


Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.


Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.


Umumarayika aramubarira, ati Kenyera, wambare inkweto zawe. Abigenza artyo. Kand’ aramubarira, at’ Ikubirek’ umutamana wawe, unkurikire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite