Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ku musi Herode bgāca amubashikiriza, mur’ iryo joro Petero yar’ asinziriye hagati y’abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bāri ku rugi barinda inzu y’ibohero.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Buca Herode amucira urubanza, Petero yari asinziriye, aryamye hagati y’abasoda babiri, abohesheje iminyororo ibiri. Abandi basoda bari baraririye ku muryango w’ibohero.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:6
17 Referans Kwoze  

Maz’ uwo mukuru w’abagabisha arabashikīra, aramufata, avuga ko bamufatisha iminyororo ibiri, abaza uw’ ari we, n’ic’ akoze ic’ ari co.


Ni co gituma tuvuga dushize ubgoba, tut’ Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki?


Umwami agirire abo kwa Onesiforo ikigongwe, kuko yanduhura kenshi, kandi ntiyatewe n’isoni n’umunyororo wanje,


kuko nd’ intumwa yabgo iboheshejwe umunyororo, nsigure ivyabgo nshize amanga, nk’uko bimbereye kuvuga.


Ivyo ni vyo nabatumiyeko ngo tuvugane tubonāna: kukw ivyo Abisirayeli bizigira kuzobona ari vyo vyatumye mboheshwa uyu munyororo.


bat’ Inzu y’abanyororo dusanze yugaye ata nkomanzi iriho na mba, n’abarinzi bahagaze ku nzugi, maze twuguruye ntitwasangamw’ umuntu.


Ubgoba yateye abarāririzi bubashira mu gatengo, bamera nk’abapfuye.


Kandi non’ uyu musi ndakubohoye iminyororo iri ku maboko yawe. Ni washima kujana nanje i Babuloni, n’uze, nanje nzokugirira neza; ariko n’udashima kujana nanje i Babuloni, usigeho: eh’ igihugu cose kir’ imbere yawe; aho wumva ushima ko hakubereye kujayo, abe ari ho uja.


Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura, Kukw ari wewe wenyene, Uhoraho, umpa kuba amahoro.


Aburahamu yita aho hantu Yehova‐yire, nk’uko bavuga na bugingo n’ubu, bati Ku musozi w’Uhoraho ni ho bironkeka.


Nari mmaramaje kubashwiragiriza kure, Nkazimanganya ukwibukwa kwabo mu bantu,


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi amaze kumubohorera i Rama, iyo yari yaramujanye ari mu munyororo, hamwe n’imbohe zose zavuye i Yerusalemu, izo bājana i Babuloni ar’ inyagano.


Nuko Petero arindirwa mw ibohero: arikw ab’ishengero baramusengera, batakambira Imana bakobeje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite