Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nuko Petero arindirwa mw ibohero: arikw ab’ishengero baramusengera, batakambira Imana bakobeje.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:5
12 Referans Kwoze  

Kand’ urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo: cank’ iy’ urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo.


Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.


namwe muhūje imitima yo kudufasha mudusengera, ngw ingabire twaheshejwe na benshi, benshi bayishimire Imana kubgacu.


Kandi ndababgira ukuri yukw ababiri muri mwebge ni bahuriza inama mw isi gusaba ikintu cose, Data wo mw ijuru azokibakorera


Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri.


Amaze kuvyiyumvira, aja kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho bāri bakoraniye benshi, bariko barasenga.


Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,


Amaze kumufata, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane‐bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize.


Ku musi Herode bgāca amubashikiriza, mur’ iryo joro Petero yar’ asinziriye hagati y’abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bāri ku rugi barinda inzu y’ibohero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite