Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Amaze kumufata, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane‐bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:4
22 Referans Kwoze  

Aramubgira, ati Mugenzi, niteguye kujana nawe no mw ibohero no mu rupfu.


Mu mutima w’umuntu haba imigabo myinshi, Arikw inama y’Uhoraho ni yo izoguma.


Arikw ivyo vyose bitarabaho bazobashōrerakw amaboko, babahame, babashengerane mu masinagogi, babashirishe mu mabohero, babashengeze ku bami no ku baganza, babahōra izina ryanje:


ngo bashitse ivy’ ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba.


Babashōrerakw amaboko, babashira mw ibohero gushitsa mu gitondo, kuko bgari bugorovye.


N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosāzira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba.


Ariko, bati Ntitumufate mu misi mikuru, hoye kuvyuka umugūmūko mu bantu.


Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.


Ntukarāte ivy’ ejo, Kuk’ utazi ivyo umusi uzovyara.


Nuko barungika ivyo vyete babiha intumwa zibijana mu bihugu vy’umwami vyose, ngo bageseze Abayuda bose, abakuru n’abato, n’ibibondo n’ abagore, ngo babice, babahonnye ku musi umwe, ni wo musi w’ icumi na gatatu w’ukwezi kw’ icumi na kabiri kwitwa Adari, kandi banyage n’ivyabo.


Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.


bashōrera amaboko ku ntumwa, bazishira mu nzu y’ibohero rya bose.


Nukw abasoda, bamaze kubamba Yesu, bābīra impuzu ziwe, bazigaburamw’ imigabane ine, umusoda wese umugabane wiwe; hasigara umwinjiro. Kand’ uwo mwinjiro ntiwar’ ufise umubarīro, war’ ujishwe kumwe, uhereye hejuru kugeza hasi.


Ni nde yovuga ikintu, kikaboneka, kand’ Umwami Imana atari we yabigeze?


Uhoraho abaririra Mose na Aroni mu gihugu ca Egiputa,


Hāri hasigaye imisi ibiri, imisi mikuru ya Pasika ikagera, ni yo yo kurya imitsima itambiwe. Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo gusuka Yesu ngo bamufate bamwice:


Maz’ abonye ko bihimbaye Abayuda, ariyongeza, afata na Petero. Hāri mu misi y’imitsima itambiwe.


Nuko Petero arindirwa mw ibohero: arikw ab’ishengero baramusengera, batakambira Imana bakobeje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite