24 Arikw ijambo ry’Imana riragwira, riramamara.
24 Nuko ijambo ry’Imana rishishikara kugwira no kwamamara.
Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.
Ibisigaye bene Data mudusengere, ijambo ry’Umwami wacu ryamamare rishimagizwe, nk’uko biri no muri mwebge,
Uko ni kw ijambo ry’Umwami Yesu ryagwiriye cane, rigira ububasha.
Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.
bgābashitseko, nk’uko buri mw isi yose bgama imbuto bugwira: kandi no muri mwebge bugenza burtyo, uhereye wa musi mwumviye mukamenya ubuntu bg’Imana vy’ukuri:
Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.
ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.
Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.
Nuko Daniyeli yinjira kwa Ariyoki, uwo umwami yari yageze kugeseza abanyabgenge b’i Babuloni; aramubgira, ati Ntugeseze abanyabgenge b’i Babuloni: enda nshikiriza umwami, ndamumenyeshe uko bisobanurwa.
Abanyakibi iyo bari hejuru abantu barinyegeza, Arikw iyo bahona abagororotsi baragwira.
Nk’ukw imvura na shelegi bigwa bivuye mw ijuru, ntibisubireyo, ariko bigatosa isi, bigatuma imeza, ikēra, igaha umubivyi imbuto, n’ ūrya ikamuha ivyo kurya;