Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ariko, kubera Herode atahesheje Imana icubahiro, akemera ko abantu bamuninahaza, ubwo nyene umumarayika aca aramukubita, aribwa n’inyo, aca arapfa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:23
30 Referans Kwoze  

umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


Ntabe ari twebge, Uhoraho, ntabe ari twebge, Arikw izina ryawe abe ari ryo uha icubahiro, Kubg’ imbabazi zawe n’ ukuri kwawe.


Hahise imisi nk’ icumi, Uhoraho akubita Nabali, arapfa.


riti Mwana w’umuntu, barira segaba w’i Tiro, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umutima wawe ko wishize hejuru, kand’ ukavuga, ng’ ur’ Imana, ng’ uvyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga; yamar’ ur’ umuntu buntu, ntur’ Imana, naho mu mutima wawe wigereranya na yo;


Nuko bazosohoka baje kwitegereza imivyimba y’abangararije; kukw inyo zabo zitazopfa, kandi n’umuriro wabo ntuzime; kandi bazotera abantu bose ishishi.


Kukw inyenzi zizobarya nk’umwambaro, n’ ifukunyi izobarya nk’ubgoya bg’ intama: arik’ ukugororoka kwanje kuzokwamah’ ibihe bidashira, n’ agakiza kanje uk’ urunganwe ruzogenda rukurikirana.


Nuko mu gicugu Uhoraho yica abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku mfura ya Farawo nyen’ ingoma, ukageza ku mfura y’imbohe ipfungiwe mw ibohero, n’ivy’ uburiza vyose vy’ibitunzwe.


Mbeg’ uzosubira kuvugira imbere y’ūkwica ng’ ur’ Imana? Ushima uzoba ur’ umuntu buntu, ntuzoba ur’ Imana, ushitse mu maboko y’ ūgusogota!


Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera w’Abisirayeli.


Icubahiro cawe kimanuwe i kuzimu, bo n’amajwi y’inanga zawe; ugaranzuriwe inyo, kand’ inyo nyene ni zo zikwōrōshe.


Kand’ urukoba rwanje ni rwamara kubora, Nzobona Imana mfise umubiri.


Umubiri wanje utwikiriwe n’inyo, utaramyekw ivyomeke vy’umukungugu; Urukoba rwanje ruratarurira, rugasaduka.


Nuk’ Uhoraho arungika umumarayika, atikiza abahizi bose n’abakuru n’ abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, aho bari bashagaje. Nuk’ uwo mwami asubira mu gihugu ciwe amāramāye. Maz’ ashitse mu ngoro y’ikigirwamana ciwe, abo yivyariye bahamwicishiriza inkota.


Maze mur’ iryo joro nyene umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’ imivyimba.


Kuk’ Uhoraho azohaca, azanywe no kwica Abanyegiputa: kand’ ah’ azobona ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, Uhoraho azorengana iyo nzu, ntazokundira umuranduzi kwinjira mu nzu zanyu ngw abice.


Kuko mur’ iryo joro nyene nzoca mu gihugu ca Egiputa, nkica abana bose b’ imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku muntu no ku gitunzwe; kand’ imana z’Abanyegiputa zose, amatēka nziciriyeko zose nzoyashitsa: nd’ Uhoraho.


Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.


Uti Mbega n’ubu uracatangīra abantu biwe, ukanka kubarekura?


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Abantu barasemerera, bati N’ijwi ry’imana, s’iry’ umuntu.


Umuntu ashimirwa ubgenge bgiwe nk’uko bungana, Arik’ ūfise umutima ugoramye baramugaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite