Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Nuko ku musi washinzwe, Herode yambara impuzu z’ubgami, avyagira ku ntebe y’icubahiro, abacūrira amajambo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Isango rigeze, Herode yambara ikanzu y’inyambarabami, yicara ku ntebe y’ubwami, abwira ijambo abari ngaho.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:21
10 Referans Kwoze  

Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


Maz’ ashāmira abo muri Tiro n’i Sidoni, na bo bahūza inama, baja kuri we, bahongera Bulasito, umukuru w’abagaranzurira umwami, basaba impore, kukw igihugu cabo casuma mu gihugu c’uwo mwami.


Abantu barasemerera, bati N’ijwi ry’imana, s’iry’ umuntu.


Kand’ umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’Abayuda bāri bavyagiye ku ntebe zabo z’ubgami, bambaye imyambaro yabo y’ubgami, bari ku nama kw ishikiro ry’ikirimba c’i Samariya; ba kamenyi bose bavugishirizwa imbere yabo.


Ijwi ry’ibiteye ubgoba ryama mu matwi yiwe; Akiri mu mahoro umunyazi azomunyaga.


Uwishira hejuru mu mutima, agatikizo azogasanga imbere, Kand’ ukwicisha bugufi kuzosanga imbere icubahiro.


Ni co catumye i kuzimu harangara, hāsamitse akanwa kaho birengeje urugero: maz’ abakire b’i Yerusalemu na ba nyarucari baho barokeramwo, bakiri mu gahimbo, bavuza urwamo.


Noneh’ abībone ni bo twita abanyehirwe, mber’ abakora ibibi bagirwa abakomeye; ushime bagerageza Imana bagakira.


Imisi itanu ishize, umuherezi mukuru Ananiya amanukana n’abakuru bamwe n’uwo kubavuganira yitwa Teritulo, barega Paulo ku cēgēra ca Kayisari.


Bukeye bg’aho, Agiripa na Berenike bazanana icubahiro cinshi, binjirana mw ikombe n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abahambaye bo mur’ ico gisagara; maze Fesito avuga ko bazana Paulo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite