Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Maz’ ashāmira abo muri Tiro n’i Sidoni, na bo bahūza inama, baja kuri we, bahongera Bulasito, umukuru w’abagaranzurira umwami, basaba impore, kukw igihugu cabo casuma mu gihugu c’uwo mwami.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Yari yamye atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode yatwara.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:20
24 Referans Kwoze  

Kandi bagerera abubatsi n’ababaji amahera, ab’i Sidoni n’ab’i Tiro babagerera ivyo kurya n’ibinyobga n’ amavuta, kugira ngo bazane ibiti vy’amasederi, babikūre i Lebanoni babizane ku kiyaga babishikane i Yopa, bakurikiye ibgirizwa ryashinzwe na Kuro Umwami w’i Buperesi.


N’ab’i Buyuda bo n’abo mu gihugu c’i Bgisirayeli bādandaza nawe: bākāba ivyawe ingano ziva i Miniti, n’ibishashara, n’ubūki, n’amavuta ya elayo, n’ umuti wo gusomōra.


Nuko shebuja ashima uwo mubgiriza agabitanya, kuko yakoze ivy’ ubgenge: kukw abana b’iki gihe bagira ubgenge mu vy’ubu bugingo kurusha abana b’umuco.


Uburake bg’ūganza ni bgakugurumanira, ntutirimuke ah’ uri; kuko kwiyorosha gutesha ibicumuro bikomeye.


Ntukihutire kubūrana, Uburuhiro ntuz’ usange waguye mu rudubi, Mugenzawe amaze kukumāramāza.


Gutangura imitongano ni nko kugomorora amazi, Nuko reka ibirake utarasinda.


None rero za ngano na sayiri n’amavuta ya elayo na vino, ivyo wavuze, nyakwubahwa, uz’ ubiturungikire,


Uti Kand’ abo bantu bawe b’ababāji baca ibiti, azobaha ingero zitwa koro ibihumbi mirongwibiri z’ingano zisekuye, uti N’ingero ibihumbi mirongwibiri za sayiri, uti N’imibindi ya vino ibihumbi mirongwibiri, uti N’imibindi y’ amavuta ya elayo ibihumbi mirongwibiri nyene.


maz’ urwo rubibe rugakevya rugaca i Rama, rugashika no ku gisagara c’i Tiro kizitijwe uruzitiro rw’amabuye; rugaheza rugakebereza i Hosa, rukagarukira ku kiyaga. Batwara na Mahalabu na Akizibu,


Urugabano rw’Abanyakanani rwahēra i Sidoni, rukagenda rurābana n’i Gerari, rugashika i Gaza: rukagenda rurābana n’i Sodomu n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, rukagarukira i Lesha.


Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni, akurikizako Heti:


Imigabo yose ikomezwa n’ inama, Kandi mu kuja mu ntambara urōngōrwe n’inama y’ubgenge.


Nuko ku musi washinzwe, Herode yambara impuzu z’ubgami, avyagira ku ntebe y’icubahiro, abacūrira amajambo.


Tubonye i Kupuro tuhasiga i bumoso, tuja i Siriya, dufata muri Tiro: kukw ari ho bari bagabiye gukūrira ibintu mu bgato.


Natwe turangije urugendo rwo kuva muri Tiro, dufata i Putolemayi, turamutsa bene Data, tumarana na bo umusi umwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite