Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Herode amurondeye amubuze, acunaguza abateramyi, avuga ko babajana kubica: maz’ ava i Yudaya amanuka i Kayisariya, agumayo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Herode Agiripa amaze kumurondeza hose bakamubura, aca agira itohoza mu basoda, aca ategeka ko babica. Maze Herode aca ava i Yudaya yigira i Kayisariya, amarayo igihe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:19
19 Referans Kwoze  

Uwo murinzi yikanguye, abonye inzugi z’ibohero zuguruye, asokora inkota agira yiyahure, kuko yagira ngw imbohe zācitse.


Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.


Ku musi Herode bgāca amubashikiriza, mur’ iryo joro Petero yar’ asinziriye hagati y’abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bāri ku rugi barinda inzu y’ibohero.


Amaze kumufata, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane‐bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize.


Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.


Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.


Hanyuma Moridekayi asubira ku kirimba i bgami; ariko Hamani arihuta asubira i we, ababaye kandi yitwikiriye.


Nuk’ umwami w’Abisirayeli aca ataha i we i Samariya, ashavuye, yijiriwe.


Nuko Dawidi aba mu masenga yo mu bugaragwa, aguma mu mugamba wo mu bugaragwa bg’i Zifu. Sauli akāma amurondera uko bukeye, arikw Imana ntiyamugabura mu maboko yiwe.


Inama y’abasoda kwar’ uko bokwica imbohe, kugira ngo ntihagire uwo muri zo yokwoga agacika.


Hashize imisi, umwami Agiripa na Berenike bashika i Kayisariya, baja kuramutsa Fesito.


Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.


Maz’ umwami abarira Yerameyeli umwana w’umwami na Seraya mwene Aziriyeli, na Shelemiya mwene Abudeli ngo bafate Baruki umukarani n’uwavugishwa n’Imana Yeremiya: arik’ Uhoraho arabahisha.


Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,


Ijoro rikeye, havyuka imivurungano itari mike mu basoda, kuko bazazaniwe ukuntu Petero yabaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite