Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Petero aca arabamama ngo batekereze, aca abiganira ido n’ido ukuntu Umwami Imana yamukuye mw’ibohero. Arababwira ati: “Murabibwira Yakobo n’abandi bene Data.” Aca ava aho aragenda.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:17
28 Referans Kwoze  

Amukundiye, Paulo ahagarara ku ngazi y’amabuye, amama abantu: hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,


Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwīgiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu.


Paulo ava hasi, arabamama, arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve.


Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.


Barangije kuvuga, Yakobo aravuga, ati Bagabo bene Data, ni munyumvirize.


Kukw abāvuye kwa Yakobo batarashikayo yasangira n’abanyamahanga; ariko bashitseyo, ariyonjorora, arabanēna, kukw atinye abo mu bākebge.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w’Umwami Yesu.


maze yiyereka Yakobo, hanyuma yiyereka intumwa zose.


Maze Yesu ntiyaba akigenda yibonekeza mu Bayuda, arikw avayo, aja mu gihugu kiri hafi y’ubugaragwa mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa.


Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.


Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Bavuye mw ibohero, baja kwa Ludiya, barinjira; bamaze kubona bene Data, barabahanūra, bavayo.


Simoni Petero amuvunira akagohe, ati Tubgire uwo avuze uw’ ari we.


Avayo, yongera kuja hakurya ya Yorodani, ha hantu Yohana yabatiriza ubga mbere, agumayo.


Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.


Maz’ asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko har’ ico yerekewe ahēra h’urusengero: arabagereraniriza, agumya kuba ikiragi.


Acira imanza impahazwa; Agaburira abashonje ivyo kurya. Uhoraho ni we abohora imbohe;


Yemwe abubaha Imana mwese, ni muze mwumve, Nanje mvuge ivyo yagiriye ubugingo bganje.


Mbega si wa mubāji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Ariko Petero ashishikara gukomanga: buguruye baramubona, barūmirwa.


Ijoro rikeye, havyuka imivurungano itari mike mu basoda, kuko bazazaniwe ukuntu Petero yabaye.


Bene Data b’i Roma bumvise inkuru yacu, baza kudusanganirira ahitwa Akaguriro ka Apiyo, n’ahitwa Amaduka Atatu: Paulo ababonye ashima Imana, umutima urarema.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite