Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Akenge kagarutse, Petero aribgira, ati Noneho mmenye vy’ukuri yuk’ Umwami yatumye umumarayika wiwe, akankiza ukuboko kwa Herode, bo n’ivyo ubgoko bg’Abayuda bgāri bushamāje vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ni ho Petero yatora akenge, avuga ati: “Ubu rero ndamenye vy’ukuri ko Umwami Imana yarungitse umumarayika kundokora mu vyara vya Herode n’ivyo Abayuda bari bateguye kungirira vyose.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:11
27 Referans Kwoze  

Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye.


Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.


Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka,


Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’ abamwubaha, Akabarokora.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Yisubiyemwo, aribgira, at’ Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahāzwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano.


Eh’ ijisho ry’Uhoraho riri ku bamwubaha, Riri ku bīteze imbabazi ziwe:


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.


Arababarira, at’ Erega ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu muriro hagati, kandi nta co babaye; kand’ ishusho y’uwa kane isa n’iy’ umwana w’imana.


Kukw azohagarara i buryo bg’umukene, Ngw amukize abacirakw iteka ubugingo bgiwe.


Yemwe abakunda Uhoraho, ni mwanke ibibi; Azigama ubugingo bg’abakunzi biwe, Abarokora mu maboko y’abanyakibi.


Dawidi yabariye Uhoraho amajambo yo mur’ iyi ndirimbo, umusi Uhoraho yamurokoye, akamukūra mu maboko y’ abansi biwe bose, no mu ya Sauli.


Uhoraho azomuzigama amukize, kand’ azogira amahirwe mw isi: Nta ho azomuha abansi biwe ngo bamugirire uko bagomba.


Uhoraho acungura ubugingo bg’abasavyi biwe, Mu bamuhungirako nta n’ umwe azocirwakw iteka.


Kand’ asangw’ abo mu rugo rwanje batavuga, Bati Ni nde yobona umuntu n’umwe atāhāgijwe n’inyama yagabura?


Kand’ inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye. Mu vyo wakoze ivyo, wakoze ivy’ ubupfu; nuk’ uhereye ubu uzohora ubona intambara.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Imyaka ibiri ishize, Porukiyo Fesito akūra Feliki. Maze Feliki agomvye kwikundisha Abayuda asiga Paulo akiboshwe.


Izokurokora mu vyago bitandatu, Mbere no mu vyago ndwi nta kibi kizogukorako.


Abimeleki ahamagaza Isaka, aramubarira, at’ Erega biraboneka kw ar’ umugore wawe! None n’iki cakuvugishije kw ari mushikawe? Isaka aramwishura, ati N’uko natinye ko bonyica kubgiwe.


Uhoraho abaza Aburahamu, ati N’iki gitumye Sara atwenga, akavuga ngw Aho n’ivy’ ukuri, noba nkivyara umwana nkecuye?


Uhoraho abarira Aburamu, at’ Umenye neza yuk’ uruvyaro rwawe ruzoba inyambukīra mu gihugu kitar’ icabo, kandi bazokorera bene co, na bo bazobagirira nabi imyaka amajana ane;


Fesito agomvye kwikundiriza Abayuda, abaza Paulo, ati Wokwemera kudūga i Yerusalemu gucirirway’ urubanza rw’ivyo mu maso yanje?


Ngw arokore ubugingo bgabo abukize urupfu, Abazigame muri kigoyi babe bazima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite