Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze nko mur’ ico gihe umwami Herode ata mu maboko bamwe bo mw ishengero ngw abagirire nabi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Muri ico gihe, ni ho umwami Herode Agiripa yatangura gufata bamwe mu bo mw’isheshengero, atangura kubahama.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:1
13 Referans Kwoze  

Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.


Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’ Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.


Imisi yose nāmana namwe mu rusengero ko mutāramvuye amaboko ngo mumfate; arikw iki n’igihe canyu n’ic’ ububasha bg’umwiza.


Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.


ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu.


Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.


Kukw icumu ry’ubugabe ry’ abanyakibi ritazokwama rishinze mu mugabane w’ abagororotsi; Abagororotsi boye kurāmvurira amaboko ibigabitanyo.


Mur’ ico gihe umwami Herode yumva inkuru za Yesu.


Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw ibohero kubga Herodiya, muka Filipo mwene se.


Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobga wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode.


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


Yicisha inkota Yakobo mwene nyina wa Yohana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite