Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:30
21 Referans Kwoze  

Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu, uwo bizeye.


Kandi Barunaba na Sauli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyāgabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.


muri mwebge namba harih’ ūrwaye, n’atumekw abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, bamusīge amavuta ya elayo mw izina ry’Umwami wacu.


Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:


Abakuru b’ishengero baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabga icubahiro kirushiriza, kandi cane‐cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha.


Ar’i Mileto atuma muri Efeso, atumakw abakuru b’ishengero.


Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere.


Nukw intumwa n’abakuru bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo.


Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.


Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mukamakare watoranijwe, mwe n’abana bawe abo nkunda vy’ukuri; kandi si jewe jenyene mbakunda, ariko n’abazi ukuri bose barabakunda,


Umukuru ntukemere ico bazomukuregako hatabonetse ivyabona bibiri canke bitatu.


Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.


bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.


Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.


Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro,


Maze nko mur’ ico gihe umwami Herode ata mu maboko bamwe bo mw ishengero ngw abagirire nabi.


Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n’ivy’ abavugishwa n’Imana mu kurambikwakw ibiganza vy’abakuru.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite