Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Mur’ iyo misi, abavugishwa n’Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Muri ico gihe, abavugishwa n’Imana bamwe bamanutse bava i Yerusalemu, baja muri Antiyokiya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:27
19 Referans Kwoze  

Kandi muri Antiyokiya, mw ishengero ryaho, hār’ abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hāriho na Sauli.


Kand’ Imana yabanje gushira mw ishengero bamwe kuba intumwa, maz’ aba kabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’ aba gatatu, ibashiraho kuba abigisha, maz’ ishirah’ abakora ibitangaza, maz’ ishirah’ abāhawe ingabire zo gukiza indwara, n’abāhawe gufasha abandi, n’abāhawe kurōngōra, n’abāhawe kuvuga indimi nyinshi.


Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:


Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha.


ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose: Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N’abatāma banyu bazorota inzozi.


Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose;


Impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo:


Uwo yar’ afise abakobga bane b’inkumi, bāvugishwa n’Imana.


Tuhasanze abigishwa, dusībiray’ imisi ndwi: na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu.


Ni co catumye Imana ivugisha ubgenge bgayo, iti Nzobatumakw abo mvugisha n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi bazobahama,


Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda,


Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.


Inkuru yabo ishika mu matwi y’ishengero ry’i Yerusalemu, batuma Barunaba ngw ashirwe ashitse muri Antiyokiya.


bavudukayo bari mu bgato bafata muri Antiyokiya, aho bāri barazigamishirijwe ubuntu bg’Imana ubga mbere ku gikorwa baheraheje.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Nukw abo basezewe bamanuka muri Antiyokiya; bamaze gukoraniriza hamwe ishengero, babashikiriza kino cete.


Afashe i Kayisariya, aradūga aja i Yerusalemu, aramutsa ishengero, aramanuka, aja muri Antiyokiya.


uwundi agahābga gukora ibitangaza, uwundi agahabga kuvugishwa n’Imana, uwundi agahabga kurobanura impwemu, uwundi agahabga kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabga gusobanura indimi:


Ariko Kefa aje muri Antiyokiya, mmugisha impāri imbonankubone, kuko yari n’ibimutsindishije.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite