Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Kubera ko Barunaba yari umugwaneza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera, igitigiri kinini c’abantu barizeye Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:24
21 Referans Kwoze  

Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.


bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore;


Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda,


Ariko mbandikiye hamwe-hamwe ndushirije gushira amanga, nk’ūbibutsa, kubg’ ubuntu nahawe n’Imana,


Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.


Stefano yari yuzuye ubuntu bg’Imana n’ubushobozi, yakora mu bantu ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye.


Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa.


Hahirwa ūgira neza, akagurāna abandi, Agakora ibikorwa vyiwe uburyo butunganye.


Iyo nderetsi iravuga, it’ Umenga uw’ imbere yiruka nka Ahimasi mwene Sadoki. Umwami aravuga, ati N’umuntu ameze neza; azoba azanye inkuru nziza.


Kw ar’ ibigoye k’umuntu apfira umugororotsi, umunyangeso nziza kumbure umuntu yotinyuka kumupfira:


Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu.


Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu.


Maze hār’ umuntu yitwa Yosefu, yar’ umunyekombe, kandi yar’ umunyangeso nziza agororotse.


Aramubaza, at’ Umbariza iki iciza? Inziza n’Imwe. Arikw asangw’ ugomba kwinjira mu bugingo, witondere ivyagezwe.


Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiwe ryiza; umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ryiwe ribi.


Ūsubira inyuma mu mutima wiwe azohāzwa n’inzira ziwe ubgiwe, Umuntu mwiza na we azohāzwa n’ibikorwa vyiwe.


Umunyangeso nziza araga n’ abuzukuru, Arik’ ubutunzi bg’umunyavyaha buba buziganirijwe umugororotsi.


Umunyangeso nziza atoneshwa n’Uhoraho, Arik’ umuntu w’imigabo y’ ibibi Uhoraho azomucirakw iteka.


Iy’ intambuko z’umuntu zishigikiwe n’Uhoraho, Akanezererwa inzira yiwe,


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite