Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Ikiganza c’Umwami Imana cari kuri bo, bituma abantu benshi bizera, bahindukirira Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:21
19 Referans Kwoze  

bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo, bati Mbe non’ uyo mwana azoba umuntu ki? Kuk’ ukuboko kw’Umwami Imana kwari kumwe na we.


kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.


Ababa i Luda n’i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu.


Ehe, ukuboko kw’Uhoraho ntikubaye kugufi ngo kunanirwe gukiza, n’ugutwi kwiwe ntikwapfuye ngo kunanirwe kwumva:


Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore;


Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.


Ni nde yemeye inkuru zacu? Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde?


Ndaheza mbiganira ingen’ ikiganza ciza c’Imana yanje cabaye kuri jewe, mbiganira n’amajambo umwami yambgiye; na bo baravuga, bati Ni tuve hasi twubake. Nuko bariyungunganya, bashirako bakora ico gikorwa ciza.


bo n’ icete nshira Asafu, umurinzi arinda icibare cawe, kugira ngw ampe ibiti vyo kubāza ibikingi vy’amarembo y’igihome c’abashibamyi co ku ngoro, bo n’ivy’ uruzitiro rw’igisagara n’ivy’ inzu nzobamwo. Nuk’ umwami arabinyemerera, abitewe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri jewe.


Maze kubg’ ikiganza ciza c’ Imana yacu cari kuri twebge batuzanira umuntu w’umunyabgenge wo mu bandurutse kuri Mahili, Mahili wa Lewi, Lewi wa Isirayeli; batuzanira na Sherebiya n’abahungu biwe na bagenzi biwe ukw ar’ icumi n’umunani,


Yari yahagurutse ava i Babuloni ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, maz’ ashika i Yerusalemu ku musi wa mbere w’ukwezi kwa gatanu, abihawe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri we;


Kandi n’i Buyuda ukuboko kw’ Imana kubaha guhūza umutima, bumvira ico cagezwe c’umwami n’ abaganwa kivuye kw ijambo ry’ Uhoraho.


Nuko rer’ inama yanje n’uko tureka kugora abo mu banyamahanga bahindukirira Imana,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite