Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nukw abāsābagijwe n’amarushwa yabaye kubg’ ivya Stefano baragenda, bashika n’i Foyinike n’i Kupuro no muri Antiyokiya, ata bandi babarira ijambo ry’Imana atar’ Abayuda bonyene.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:19
22 Referans Kwoze  

Dusanze ubgato bugira bujabuke buja i Foyinike, tubutambukiramwo turagenda.


Kandi Paulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababgira ijambo ry’Umwami Yesu, bafatanije n’abandi benshi.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi.


Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro,


Ariko Kefa aje muri Antiyokiya, mmugisha impāri imbonankubone, kuko yari n’ibimutsindishije.


Bamwe mu bigishwa bavuye i Kayisariya turajana, bazana Umunyakupuro yitwa Munasona, yar’ umwigishwa wa kera, tuba ari we dusemberako.


Afashe i Kayisariya, aradūga aja i Yerusalemu, aramutsa ishengero, aramanuka, aja muri Antiyokiya.


Havyuka imitongano ibatera gutandukana, Barunaba ajana Mariko, avudukayo ari mu bgato, afata i Kupuro;


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Nuko bavuyeyo batumwe na Mpwemu Yera bamanuka i Seleyukiya. Bavudukayo bari mu bgato bafata i Kupuro.


Kandi muri Antiyokiya, mw ishengero ryaho, hār’ abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hāriho na Sauli.


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki?


Ariko muje mu ntama zazimiye zo mu muryango wa Isirayeli.


Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda,


Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.


Inkuru yabo ishika mu matwi y’ishengero ry’i Yerusalemu, batuma Barunaba ngw ashirwe ashitse muri Antiyokiya.


bavudukayo bari mu bgato bafata muri Antiyokiya, aho bāri barazigamishirijwe ubuntu bg’Imana ubga mbere ku gikorwa baheraheje.


Nukw abo basezewe bamanuka muri Antiyokiya; bamaze gukoraniriza hamwe ishengero, babashikiriza kino cete.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite