Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:18
33 Referans Kwoze  

Umubabaro wo mu buryo bg’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza: arik’ umubabaro wo mu buryo bg’isi utera urupfu.


Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.


Kandi nzobaha umutima musha, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yanyu, mbahe umutima woroshe nk’ inyama.


Uyo Imana yaramushize hejuru n’ukuboko kwayo kw’i buryo, ngw abe Umukuru n’Umukiza, ngw ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha.


Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk’icirore ubgiza bg’Umwami, turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu bgiza tukaja mu bundi, nk’abahindurwa n’Umwami, ari we Mpwemu.


Na bo bavyumvise bahimbaza Imana; maze baramubgira, bat’ Urabona, mwene Data, ingen’ Abayuda bizeye ar’ ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry’ivyagezwe.


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


nuko bahimbaza Imana kubganje.


None tuvuge iki? Enda tuvuge yukw abanyamahanga batākurikiye ivy’ ukugororoka bāshitse ku kugororoka, ni kwo kugororoka kuva ku kwizera:


Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi.


Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.


Intumwa na bene Data bar’i Yudaya bumva yukw abanyamahanga na bo bemeye ijambo ry’Imana.


Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,


Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’ igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.


Maze Finehasi umuherezi, bo n’abakuru b’ikoraniro, ari bo bakuru bo mu mazu y’Abisirayeli bari kumwe na we, bumvise ukw Abareyubeni n’Abagadi n’Abamanase babishuye, barashirwa.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Kandi muze mukigaburishe ubupfindo ngo kibabere ishamvu, mwebge n’abanyamahanga baba muri mwebge, bakavyarira abana muri mwebge; muze mubaharūre nk’aho bavyawe n’Abisirayeli; bazotwara ishamvu hamwe namwe mu miryango y’Abisirayeli.


Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ ubgo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite