10 Biba birtyo gatatu, biradūzwa vyose, bisubizwa mw ijuru.
10 Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.
Kandi kur’ ivyo natakambiye Umwami wacu gatatu ngo kimvemwo.
Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.
Yesu aramwishura, at’ Ugize ng’ uzonyigura? N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.
Maz’ uburake bga Balaki buziriringira Balamu, akubita amashi ku yandi; abarira Balamu, ati Naguhamagariye kumvumira abansi, non’ ehe rāba, urabahezagiye gusa ibihetangabo gatatu kose!
Maz’ ijwi rimbarira ubugira kabiri rivuye mw ijuru, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.
Uwo mwanya abagabo batatu bavuye i Kayisariya, bantumweko, bahagarara imbere y’inzu turimwo.