Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Bukeye bg’aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yūrira hejuru ku nzu gusenga, hāri nk’isaha zitandatu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Bukeye, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ba bantu bakiri mu nzira bagira bashike i Yopa, Petero aduga ku gisenge c’inzu gusenga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:9
19 Referans Kwoze  

n’abasenga inyenyeri, ari zo ngabo zo kw ijuru, būriye hejuru ku mazu; n’abasenga bandahira jewe Uhoraho bagatako bakarahira na Milikomu;


Ku mugoroba no mu gitondo no mu mashōka nzokwama niganyira, ncura umuniho, Na we azokwumva ijwi ryanje.


Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry’Imana.


Ahejeje gusezerana na bo avayo, adūga umusozi gusenga.


Mw ijoro rishīra ubuca aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga, asengerayo.


Uhereye kw isaha ya gatandatu ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw isaha y’icenda.


ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no gusahura ibiri mu nzu yiwe,


Yongera kugenda kw isaha zitandatu no ku y’icenda, agira kuno.


Ariko weho, iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhēra.


Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza.


n’Abakaludaya bateye iki gisagara, bazogishikamwo bagiturire bagitongore, bo n’amazu būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu Bayali, bagasukira ibiturire izindi mana, kugira ngo bantere ishavu.


ingo z’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda zizoba ibihumane, zimere nk’aha hantu i Tofeti, mbere n’amazu yose būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu inyenyeri zose, ari zo ngabo zo kw ijuru, bagasukira ibiturire izindi mana.


Bavuye aho ku mpinga y’umusozi, baramanuka bashika mu gisagara, Samweli aja kugānirira na Sauli hejuru ku nzu.


Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.


musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


Maz’ umusi ur’ izina ku mugoroba, Dawidi amaze kwibambura ku kirwa, agendagenda hejuru ku ngoro yiwe; maz’ akiri hano hejuru, aja abona umugore arikw ariyuhagira, kandi yari mwiza ateye igomwe.


Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite