Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Umumarayika yavuganye na we amaze kugenda, ahamagara babiri bo mu basuku biwe, n’umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe n’umusoda yubaha Imana, yari umwe mu bamugendanira.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:7
13 Referans Kwoze  

atakir’ umugurano wawe, arikw aruta umugurano, ari mwene So, akundwa: akundwa nanje cane, arikw arushiriza gukundwa nawe, mu vy’umubiri no mu Mwami wacu.


N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire umuntu mutangisha impongano canke mwagiriza ibinyoma, kand’ ingero zanyu zibabumbe.


Ariko ni waba utinya kumanukayo, jana n’uwo muntu wawe Pura umanuke aho bashagaje;


Kand’ abafise ba shebuja bizera, boye kubagayishwa n’ukw ari bene Data, ariko barushirize kubakorera, kukw abagirirwa ico kimazi ar’ abizera n’abakundwa. Uze wigishe ivyo, ubibahanūre.


Nuk’ uwo muntu wa Aburahamu yumvise ayo majambo, akubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho.


Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.


Kandi muri Yerusalemu hār’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we.


asembereye kwa Simoni umuhazi w’insāto, urugo rwiwe rur’i ruhande y’ikiyaga.


ahejeje kubīgānira vyose, abatuma i Yopa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite