Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 s’imbere y’abantu bose, arikw imbere y’ivyabona vyatoranijwe n’Imana ivyo bitarabaho, ni twebge, abāsangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:41
15 Referans Kwoze  

Yuda (atari Isikaryota), aramubaza, ati Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’ isi?


Yesu araza, yābīra umutsima, arawubaha, n’ifi n’uko.


ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’ isi badashobora kwākīra, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand’ azoba muri mwebge.


Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda, bo n’i Yerusalemu, umwe bishe, bamumanitse ku giti.


Imisi myinshi abonekera abāri baradūganye na we ava i Galilaya aja i Yerusalemu, abo ni bo bamushingira intahe ubu imbere y’abantu.


utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.


Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.


Namwe mur’ ivyabona vyo kuvuga ivyo.


Hasigaye igihe gito, ab’ isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.


kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mbere na mbere.


Maz’ akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu, at’ Ariko murorēre isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite