Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Uyo, Imana iramuzura ku musi ugira gatatu, imuha guserurwa ahibonekeza,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye ku musi ugira gatatu, ituma asubira kuboneka.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:40
16 Referans Kwoze  

mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


Kuko tuzi yukw iyazuye Umwami Yesu, natwe izotuzurana na Yesu, kand’ izomudushīra, twe namwe.


Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


Kukw icatumye Kristo apfa, akazuka, ar’ ukugira ngw abe Umwami w’abāpfuye kandi n’uw’ abariho.


Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukūye mu bapfuye aba muri mwebge, Iyazuye Kristo Yesu imukūye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubga Mpwemu wayo aba muri mwebge.


yerekanywe kw ar’ Umwana w’Imana mu buryo bga Mpwemu Yera, ukuzuka kwiwe kwavyerekanishije ubushobozi, ni we Yesu Kristo Umwami wacu.


kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.


Yuda (atari Isikaryota), aramubaza, ati Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’ isi?


Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite