Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Wa mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vy’imbazi vyaduze biba nkishikanwa ry’icibutso imbere y’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:4
24 Referans Kwoze  

Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.


Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’ igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Umwotsi w’umubavu uva mu kuboko kw’umumarayika upfundukana n’ugusenga kw’abera imbere y’Imana.


Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu, N’amaboko yanje kuyatarika kube nk’ikimazi co ku mugoroba.


Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.


Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana.


Ariko we ahagarika umutima cane w’iryo jambo, yibaza iyo ndamukanyo iy’ ari yo.


Ndababgire ukuri: Ah’ ubu butumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze na co kizovugwa kibe icibutso ciwe.


Arambgira, ati Daniyeli, muntu w’ umukundwa cane, utahure amajambo ngira nkubgire, va hasi uhagarare, kuk’ ubu ngutumweko. Amaze kumbgira iryo jambo, mpagarara mpinda agashitsi.


Nyibutsa, tubūrane; shinga urubanza rwawe, kugira ng’utsindishirizwe.


Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Asenga Uhoraho, na we aramwishura, amuha n’ikimenyamenya.


uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uwo munyamahanga umumarire ivyo azoba agutakambiye vyose, bitume amahanga yose yo mw isi amenya izina ryawe, bakwubahe, nk’ukw abantu bawe b’Abisirayeli bakwubaha, kandi bamenye n’iyi ngoro nubatse ko yitwa iy’ izina ryawe.


Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi.


Ndamubaza, nti Ngire nte ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Va hasi, ushike i Damasiko, ni ho uzobaririrwa ivyashinzwe k’uzokora.


Bagitinye, bunamitse amaso hasi, barababaza, bati N’iki gitumye muronderera ūriho, ahantu h’abāpfūye?


Sinavugiye mu mpisho, ahantu ho mu gihugu c’umwiza; nta ho nabariye uruvyaro rwa Yakobo, nti Ni mundonderere ubusa. Jewe Uhoraho mvuga ibiroranye, nsigura ivy’ ukuri.


Aheze ayizanire bene Aroni abaherezi; akamate urushi rumwe kur’ iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Yibuke amashikanwa yawe yose, Yākīre ikimazi cawe coshejwe. Sela.


Petero amuhanga amaso, bo na Yohana, aramubarira, ati N’uturābe.


Uwo yumva Paulo avuga, na we amuhanze amaso abona kw afise ukwizera kwo gukizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite