Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda, bo n’i Yerusalemu, umwe bishe, bamumanitse ku giti.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda n’i Yerusalemu. Yishwe abambwe ku musaraba,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:39
16 Referans Kwoze  

Namwe mur’ ivyabona vyo kuvuga ivyo.


s’imbere y’abantu bose, arikw imbere y’ivyabona vyatoranijwe n’Imana ivyo bitarabaho, ni twebge, abāsangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti:


Imisi myinshi abonekera abāri baradūganye na we ava i Galilaya aja i Yerusalemu, abo ni bo bamushingira intahe ubu imbere y’abantu.


Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:


ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye.


utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.


kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mbere na mbere.


nk’uko twabirazwe n’abāhereye ubga mbere ar’ivyabona vyavyo n’abasuku b’ijambo ry’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite