Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 iryo jambo mwebge murarizi, ryāmāmaye i Yudaya hose, ritanguriye i Galilaya, hanyuma y’umubatizo uwo Yohana yigishije:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Murazi ivyabaye i Yudaya hose, uhereye i Galilaya inyuma y’umubatizo Yohana yigisha;

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:37
16 Referans Kwoze  

Maze Yesu asubira i Galilaya, ari n’ubushobozi bga Mpwemu, inkuru yiwe ikwira mu gihugu cose kihakikije.


Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.


Umwami arazi ivyo neza, kandi ndamubarira nshize amanga; kuko nzi yukw ata na kimwe mur’ ivyo ahishijwe, kukw ivyo bitākorewe mu mfuruka.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.


Na bo barashimika, bat’ Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.


Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,


babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.


Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose;


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite