Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:33
20 Referans Kwoze  

Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


kand’ ivyābagerageza kubg’ umubiri wanje ntimwabitītūye, ntimwāciriye inyeri, ariko mwānyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nka Kristo Yesu.


Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.


Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge.


Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana kārungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva. [


Ndababgire ukuri, ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto, ntazobginjiramwo na gatoya.


Nuk’ ūzokwicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu bgami bgo mw ijuru.


Ukw impeta y’izahabu imeze, bo n’utugenegene two kwambarwa tw’izahabu nziza, Ni k’umunyabgenge azi guhanura amerera ugutwi kwumva.


Kugira ng’ umunyabgenge yumve, yunguke ubgenge, Kandi ng’ umuntu w’umuhanga ashike ku kwemera inama nziza;


Kandi n’i Buyuda ukuboko kw’ Imana kubaha guhūza umutima, bumvira ico cagezwe c’umwami n’ abaganwa kivuye kw ijambo ry’ Uhoraho.


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


Ariko benshi b’imbere bazoba ab’ inyuma, kand’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere.


Umutima w’umukerebutsi uronka ubgenge, N’ugutwi kw’abanyabgenge na kwo ni co kurondera.


Nuko tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero: asembereye mu rugo kwa Simoni umuhazi w’insāto, i ruhande y’ikiyaga.


Petero yanzika kuvuga, ati N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni,


Kandi ntibiri hakurya y’ikiyaga, ngo muvuge, muti Ni nde yotujabukira ikiyaga, ngw abituzanire, ngo tuvyumvire, tuvyitondere?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite