Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Nuko tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero: asembereye mu rugo kwa Simoni umuhazi w’insāto, i ruhande y’ikiyaga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Tumako Simoni bita Petero, ari i Yopa. Asembereye mu nzu kwa Simoni akora ibijanye no gutunganya insato, aba ku nkengera y’ikiyaga.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:32
13 Referans Kwoze  

Uno Musamariyakazi aramubaza, ati Wewe ur’ Umuyuda, non’ unsaba amazi ute, jewe nd’ Umusamariyakazi? (Ni kukw Abayuda n’Abasamariya bānēnana.)


Bakūra Yesu kwa Kayafa, bamujana mw iboma: hāri mu mutwenzi. Arik’ ubgabo ntibinjira mw iboma, ngo boye kwihumanya, kugira ngo babone ingene barya Pasika.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


bati Ko winjiriye abatākebge, ugasangira na bo!


natwe tuzohumbira ibiti i Lebanoni, ivy’ uzogomba vyose; tuzobikurungikira tubitēkeye imbambo, tubicishe mu kiyaga bishike i Yopa; nawe uz’ ubidūganishe i Yerusalemu.


Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.


Maz’ amara imisi myinshi i Yopa, kwa Simoni umuhazi w’insāto.


None rero tuma abantu i Yopa, utumek’ umuntu yitwa Simoni, ari we Petero;


azokubarira amajambo yo kugukizanya n’abo mu nzu yawe bose.


Habaye imibūrano myinshi, Petero ava hasi, arababgira, ati Bagabo bene Data, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebge kugira ngo mu kanwa kanje abe ari ho abanyamahanga bumva ijambo ry’ubutumwa bgiza, bizere.


Maze Paulo mw ijoro arota inzozi, abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite