Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:3
23 Referans Kwoze  

Petero na Yohana bāriko baradūga baja mu rusengero mu gihe co gusenga, ni co saha cenda.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


amaze kuba ūhambaye kurusha abamarayika, nk’ukw izina yarazwe rirengeye ayabo.


Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,


Atwīgānira ingene yabonye umumarayika mu nzu yiwe, ahagaze amubarira, ati Tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero,


Koruneliyo ati Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ar’ isaha cenda, ndi mu nzu yanje; maz’ umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana,


Petero aciyumvira ivyo yeretswe, Mpwemu aramubarira, ati Har’ abantu batatu bariko barakurondera.


Petero akizazaniwe mu mutima n’ivyo abonye yeretswe ivy’ ari vyo, abantu batumwe na Koruneliyo, bahejeje kubaza urugo rwa Simoni, bahagarara kw irembo,


I Damasiko hār’ umwigishwa yitwa Ananiya: Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara, ati Ananiya. Na we ati Sabge, Mwami.


Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


Uwo mwanya hamwe n’uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw ijuru, zihimbaza Imana,


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana aramwiyereka, ahagaze i buryo bg’igicaniro boserezakw imibavu.


Nko kw isaha y’icenda Yesu asemerera n’ijwi rirenga, ati Eli, Eli, lama sabakatani? risobanurwa ngo Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?


Kubga Yakobo umusavyi wanje, Isirayeli uwo natoranije, nguhamagaye mw izina, nakwise iry’ icubahiro, nah’ utaribgammenye.


Uhoraho yishura Mose, ati N’ico uvuze na co ndagikora, kuko nakugiriye ubuntu, nkakumenya izina.


Ku mugoroba no mu gitondo no mu mashōka nzokwama niganyira, ncura umuniho, Na we azokwumva ijwi ryanje.


Bukeye bg’aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yūrira hejuru ku nzu gusenga, hāri nk’isaha zitandatu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite