Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Bukeye bg’aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yar’ abīteze, yākoranije incuti ziwe n’abakunzi bo ku mutima.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ku musi ukurikira barashika i Kayisariya, kandi Koruneliyo yari abiteze, yari yakoranije incuti n’abagenzi biwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:24
14 Referans Kwoze  

Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.


Lewi amurondereza izimano ryinshi mu nzu yiwe: kandi hār’ abantu benshi b’abatozakori n’abandi bicaranye na bo basangira.


Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, muzotumiranira, musi y’umuzabibu no musi y’umusukoni, umuntu wese na mugenzi we.


Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Yesu aja mu misozi ihera i Kayisariya mu bga Filipo, abaza abigishwa biwe, at’ Abantu bagira ng’ Umwana w’umuntu ndi nde?


I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.


Bakivugana, arinjira asanga abakoraniyeho benshi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite