Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Maz’ arabinjiza, abaha indāro. Bukeye bg’aho, Petero arīkora, avanayo na bo, na bene Data bamwe b’i Yopa bajana na we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Nuko Petero aca arabakira ngo barare ngaho. Bukeye Petero ajana na bo, aherekejwe na bamwe bo mu bizera b’i Yopa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:23
16 Referans Kwoze  

Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo.


Abizeye bo mu bākebge barūmirwa, abāzananye na Petero uko bangana, kuko n’abanyamahanga na bo basutswekw ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Muhāne indāro mutidodomba.


Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi.


Tubabaye gukora ivyiza, si mu nyonga z’Umwami wacu gusa, ariko no mu maso y’abantu.


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


Ni co catumye nza, ntarinze guhakana, ntumweko. None rero ndabaza ico mwantumiyeko ic’ ari co.


Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu.


Kandi kukw i Luda hāri hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikīra.


Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.


Bene Data b’i Roma bumvise inkuru yacu, baza kudusanganirira ahitwa Akaguriro ka Apiyo, n’ahitwa Amaduka Atatu: Paulo ababonye ashima Imana, umutima urarema.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite