Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Baramwishura, bati Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n’ubgoko bgose bg’Abayuda, yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’ uze i we, yumve amajambo yawe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:22
36 Referans Kwoze  

azokubarira amajambo yo kugukizanya n’abo mu nzu yawe bose.


Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.


Demetiriyo ashingirwa intahe na bose, kandi n’ukuri ubgakwo kurayimushingira: natwe nyene turayimushingira; nawe urazi kw ivyo dushingira intahe ar’ ivy’ ukuri.


kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:


n’ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru, mwegereye n’Imana umucamanza wa bose, n’impwemu z’abagororotsi batunganijwe rwose,


Icatumye aba kera bashingirwa intahe n’uko bari bagufise.


Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.


Kand’ akwiye gushingirwa intahe neza n’abo hanze, kugira ngo ntatembere mu mugayo no mu mutego wa wa Murwanizi.


Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo,


Kuko muri bgo ari ho ukugororoka kuva ku Mana guhishurwa, guheshwa n’ukwizera kukagwiza ukwizera, nk’uko vyanditswe, ng’ Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.


mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n’ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.


Umugabo yitwa Ananiya, yubaha Imana mu kwumvira ivyagezwe, yashimwa n’Abayuda bose babayo,


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


asembereye kwa Simoni umuhazi w’insāto, urugo rwiwe rur’i ruhande y’ikiyaga.


Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa.


Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n’abo bazonyizera kubg’ ijambo ry’aba,


kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwākīra uwo nzotuma azoba anyakiriye, kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye.


Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira,


Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo.


Maze hār’ umuntu yitwa Yosefu, yar’ umunyekombe, kandi yar’ umunyangeso nziza agororotse.


Kandi muri Yerusalemu hār’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we.


Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’ iki gihe c’ubusambanyi kandi c’ikinyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika bera.


kuko Herode yatinya Yohana, amuzi kw agororotse kand’ ar’ umuntu yera, aramurinda: iy’ amwumvise hose, ivyiwe vyaramuzazanira, yamara yanezererwa kumwumva.


Ariko Yosefu, umugabo wiwe, kukw ar’ umugororotsi, kandi kukw atagomvye kumutetereza, yiyumvira kumubengera mu mpisho.


Rāba, umutima wiwe urīkakishije, ntutunganye: arik’ umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.


Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.


Babgiriwe n’Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, bīsubirira mu gihugu c’i wabo.


Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bgiwe n’ubga Se n’ubg’ abamarayika bera.


Petero arururuka, asanga abo bantu aho bari, arababarira, ati Ni jewe uwo murondera: mbega mugenzwa n’iki?


Koruneliyo ati Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ar’ isaha cenda, ndi mu nzu yanje; maz’ umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana,


uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.


Kandi ntibiri hakurya y’ikiyaga, ngo muvuge, muti Ni nde yotujabukira ikiyaga, ngw abituzanire, ngo tuvyumvire, tuvyitondere?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite