Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Petero aciyumvira ivyo yeretswe, Mpwemu aramubarira, ati Har’ abantu batatu bariko barakurondera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Petero akiriko ariyumvira kuri bimwe yerekwa, Mpwemu Yera aramubwira ati: “Simoni, hari abantu batatu bariko barakurondera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:19
11 Referans Kwoze  

Mpwemu abarira Filipo, ati Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo.


Tuhasanze abigishwa, dusībiray’ imisi ndwi: na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu.


Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga, ati Ni mundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye.


Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo.


Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’ impwemu zizimiza no ku vy’ inyigisho z’abadayimoni,


arikw ivyo vyose uwo Mpwemu umwe ni we abikorera muri bo, agabira umuntu wese ukw agomba.


Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarōngōra abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga, kand’ azobamenyesha ibigira bize.


Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.


barahamagara, babaza yuko Simoni ari we Petero ari ho asembereye.


Habaye imibūrano myinshi, Petero ava hasi, arababgira, ati Bagabo bene Data, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebge kugira ngo mu kanwa kanje abe ari ho abanyamahanga bumva ijambo ry’ubutumwa bgiza, bizere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite